Abo Turi

Twebwe Abarundi tuba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, m’ubudasa bwacu, 

  • Twihweje ingene tuba mu ntara zitandukanye hano muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Twihweje kahise ka basogokuru bacu ko gufashanya aho hambere;
  • Twihweje Ingene twatabarana mubihe bigoye muri kahise kacu;
  • Twihweje ibibazo vy’ururimi, vy’indero, vy’ubutungane, vy’isambuka z’Ingo, vy’Ubukene, vy’akazi, vy’urwaruka, vy’ubukunzi bw’inda, vy’amadini, vy’itituka ry’imicokama yacu, Abarundi duhura navyo hano Muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Twihweje ihohoterwa rigirirwa Imiryango yacu n’abana bacu;
  • Twihweje ibibazo vy’indwara n’impfu zikunda kudushikira;
  • Twihweje Ingene abana bacu bakura batazinanye mu ntumbero yo gutegura neza kazoza kabo;
  • Turavye ingene Abandi banyamahanga bateye imbere kubera gusenyera ku mugozi umwe;
  • Turavye ingene ukujahamwe bifise akamaro ka nini cane mu buzima butandukanye bw’Umuntu;
  • Mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe no gufashanya hagati yacu;
  • Mu ntumbero yo gukomeza umubano mwiza hagati yacu n’abandi bose baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Mu ntumbero yo gutegura neza kazoza k’abana bacu n’abuzukuru n’abuzukuruza bavukiye hano muri Amerika;
  • Mu ntumbero yo gutsimbataza inyigisho ndundi;
  • Tumaze kuja Inama n’Ingingo haba hagati y’abarundi barongoye amashirahamwe, urwaruka, imirwi n’amasengero atandukanye;
  • Twiyemeje kugira urunini rw’Intamenwa mu ntumbero yo gufashanya, yogushigikirana, yo guteza imbere imiryango yacu, igihugu turimwo, tutibagiye n’Igihugu ca twibarutse mugihe bibaye ngombwa.

Urunani dushinze rwitwa “BURUNDIAN DIASPORA IN USA”, BDUSA mu mpfunyapfunyo.  Vyinshi tubisanga mu mategeko ya BDUSA: