UMUNYWANYI WA BDUSA

INGINGO YA II: UMUNYWANYI  WA BDUSA

Agace ka 1: Kwemererwa Kuba umunywanyi

Umurundi wese aba muri Leta zunze ubumwe za Amerika, akaba arajwe ishinga ryo gushira mu ngiro intumbero n’imigambi vya BDUSA, uwo arashobora gusaba kuba umunywanyi w’ishirahamwe BDUSA.  Kugira ube umunywanyi wa BDUSA utegerezwa kuba ufise imyaka 18 kuduga. Umuntu yitwa umunywanyi wa BDUSA mugihe ya maze gutanga $20 asabwa yo kwiyandikisha. Abana b’abavyeyi bari muri BDUSA bagize umugwi w’abana Kazoza k’Uburundi na USA. Umurundi canke umurundikazi yubakanye n’umunyamahanga, uwo munyamahanga bubakanye nawe ararekuriwe kwinjira muri BDUSA, ariko uwo munyamahanga ntarekuriwe kwitoza mu kibanza co kuba umurongozi mukuru wa BDUSA.

Agace ka 2: Intererano y’umunywanyi

  • Umunywanyi wese wa BDUSA atanga: $10 k’ukwezi = $120 k’umwaka. Ayo mahera aca aja mukigega gikuru c’Ishirahamwe.
  • Iyo ntererano itegerezwa gutangwa ukonyene gushika igihe Inama kaminuza yemeje ko intererano yohinduka. Kugira umuntu ntatakaze kuba umunywanyi w’Ishirahamwe BDUSA, ategerezwa kuriha ku kwezi ku kwezi intererano asabwa. Aha, abanywanyi bashobora gutanga ku kwezi ku kwezi canke bagatanga ay’amezi 3 canke 6 canke ay’umwaka wose. Igikuru n’uko bakwiza intererano basabwa buri mwaka.
  • Umunywanyi uwo ariwe wese arashobora gutanga ayarenze ku ntererano yategerezwa gutanga bivanye n’ingene yifise canke yiyumvamwo cane ishirahamwe BDUSA
  • Mugihe cogufasha, umunywanyi wese ategerezwa gufatwa no gufashwa cokimwe hatarabwe intara arimwo.

Agace ka 3: Uburenganzira hamwe n’ico umunywanyi ategerezwa

3.1: Umunywanyi wese arafise uburenganzira bukurikira:

1. Gutora no kwitoza mugihe cose habaye amatora, canke kugenwa mu mabanga,

2. Kugira ijwi canke guterera mu ngorane zose zihanze abanywanyi ba BDUSA,

3. Kuronka akarusho ku bikorwa canke imfashanyo bitangwa n’ishirahamwe,

4. Kumenya neza ingene ishirahamwe ririko rirakora n’imigambi igezweho,

5. Kumenya amahera yinjiye n’ayasohotse n’ingene yakoreshejwe, bikaba k’umugaragaro atakintu na kimwe kinyegejwe,

6. Gushinguranwa iteka mugihe yitavye Imana,

7. Kuvuga (gushikiriza) icocose yiyumvira cotuma BDUSA, Uburundi na America bitera imbere

3.2 Umunywanyi wese ategerezwa kubahiriza ibi bikurikira:

1. Kubaha no gusonera umunywanyi wese w’Ishirahamwe BDUSA hamwe n’indongozi za ryo,

2. Kwitaba inama za BDUSA zitegekanijwe kuba mu mwaka,

3. Kwitaba no gushigikira ibikorwa vyose vyatunganijwe mw’ishirahamwe BDUSA

4. Kuvugira canke gushigikira umunywanyi wese yagize impanuka,

5. Kugira urukundo kuko arirwo soko ry’iterambere

6. Gutanga amahera asabwa kwinjira mw’ishirahamwe n’ayo ku kwezi ku kwezi

7. Gusonera no gufasha gushira mungiro amategeko ya BDUSA

8. Kurwanya aka mwana wa mama (Igiturire)

9. Kurwanya amatati aho yoturuka hose

3.3 Akaranga mutima k’umunywanyi:

1. Umunywanyi wa BDUSA ni urumuri rw’abarundi aho ari hose, na cane cane muri muri USA, mumvugo no mu ngiro;

2. Umunywanyi wa BDUSA agendera urukundo, ubumwe, ibikorwa, ukuri n’ubutungane;

3. Umunywanyi wa BDUSA yitera mu ziko mugenzi we, akamufasha mu bimugoye akongera akamwitangira atarinze gusaba impera;

4. Umunywanyi wa BDUSA aririnda akongera akarwanya insaku aho zoturuka hose,

5. Umunywanyi wa BDUSA agendera indero n’ubuntu, azira uburyarya, agakunda gutanga akanka kwama ateze amashi, kandi akarya ivyo yabiriye akuya.

6. Umunywanyi wa BDUSA ni umwansi w’ubunebwe, agwiza ibikorwa akavuga make naho nyene mugihe bikenewe;

7. Umunywanyi wa BDUSA ni urumuri mu nyifato ya demokarasi, yamirira kure amabi yose akaba uwambere mukurwanya igiturire.

Agace ka 4: Kwikura canke gukurwa mw’ishirahamwe

  • Umunywanyi wese wa BDUSA arashobora kwikura mw’ishirahamwe. Ivyo abikora abanje kwandikira umunyamabanga w’ishirahamwe, akavuga igituma agomba kuvamwo. Imbere yuko umunywanyi atanga imihoho ategerezwa kuba ataco aheranye, kandi uwikuye mw’ishirahamwe ntasubizwa ikintu na kimwe mu ntererano canke ikintu cose yatanze muri BDUSA, kiretse umugambi w’iterambere yaranguranye na bamwe mu ba nywanyi ba BDUSA akaba yari yasizemwo umutahe wiwe. urwego nshingwa bikorwa rurafise ububasha bwo guhagarika umunywanyi mw’ishirahamwe mugihe adatanga intererano, mugihe yarenze canke atacubahiriza amategeko canke atagiharanira inyungu z’ishirahamwe, canke mugihe atitavye ibikorwa vya BDUSA mukiringo c’amezi 6, canke mugihe yataye akaranga mutima k’umunywanyi. Umunywanyi amaze amezi 6 adatanga intererano y’ukwezi k’ukwezi ntaba akicitwa umunywanyi wa BDUSA.